Publicidade

Salmos 135

1 Himbaza Uhoraho.

Nimuhimbaze izina ry’Uhoraho;

mumuhimbaze, yemwe basavyi biwe,

2 mwebwe mukorera mu nzu y’Uhoraho,

mu birimba vy’Ingoro y’Imana yanyu.

3 Nimuhimbaze Uhoraho, kuko Uhoraho ari mwiza;

muririmbe mushima izina ryiwe, kuko ari vyo bihimbaye.

4 Kuko Uhoraho yatoranije Yakobo ngo abe uwiwe,

Isirayeli ngo amubere inyegu yiwe.

5 Ndazi ko Uhoraho ahambaye,

ko umwami wacu ahambaye asumba ibigirwamana vyose.

6 Uhoraho akora ibimuhimbaye vyose,

mw’ijuru no mw’isi,

mu biyaga no mw’idamba ryavyo.

7 Atuma ibicu biva ku mpera z’isi;

atuma umuravyo n’imvura

agasohora umuyaga awukuye mu bubiko bwawo.

8 Yishe imfura zo muri Egiputa,

imfura zo mu bantu n’ibikoko.

9 Yarungitse ibimenyetso n’ibitangaza hagati muri mwebwe, muri Egiputa,

kugwanya Farawo n’abasavyi biwe.

10 Yatsinze hasi amahanga

yica abami bahambaye;

11 Sihoni umwami w’Abamori,

Ogi umwami w’i Bashani,

n’abami bose b’i Kanani;

12 maze atanga igihugu cabo ngo kibe umugabane,

umugabane w’abantu biwe ba Isirayeli.

13 Izina ryawe, Uhoraho ryamaho ibihe vyose,

no kuba rurangiranwa kwawe, ewe Uhoraho, uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.

14 Kuko Uhoraho azocira iziroranye abantu biwe

agirire akagongwe abasavyi biwe.

15 Ibigirwamana vy’amahanga ni ifeza n’inzahabu,

vyakozwe n’intoke z’abantu.

16 Bifise akanwa, ariko ntibivuga,

bifise amaso, ariko ntibibona.

17 Bifise amatwi, ariko ntivyumva,

kandi nta mpwemu ziri mu kanwa kavyo.

18 Ababicura bazomera nka vyo,

co kimwe n’abavyizigira bose.

19 Yemwe Bisirayeli mwese nimuhimbaze Uhoraho;

ab’inzu ya Aroni, nimuhimbaze Uhoraho;

20 Ab’inzu ya Lewi, nimuhimbaze Uhoraho;

abamwubaha mwese, nimuhimbaze Uhoraho.

21 Uhoraho ahimbarizwe i Siyoni,

Uhoraho aba i Yerusalemu.

Himbaza Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-