Publicidade

Salmos 74

Ni masikili ya Asafu.

1 Mana, ni kuki wadutaye igihe kirekire?

Ni kuki uburake bwawe bwaziriringiye intama zo mu buragiro bwawe?

2 Niwibuke ihanga witoranirije kuva kera,

ubwoko bw’iragi ryawe, wicunguriye;

Umusozi Siyoni, aho wibera kera.

3 Hindukira ugendere iyo misaka y’igisagara iteye agahinda,

urabe ingene umwansi yasanganguye ahera hawe.

4 Abansi bawe bihereye akamo mu kibanza wahora uhuriramwo natwe;

aho ni ho bashinze amabendera yabo.

5 Bakoze nk’abicira ibiti

bakoresheje incabiti, mw’ishamba.

6 Bamenaguye ivyabajwe vyose

bakoresheje incabiti n’inyundo vyabo.

7 Baturiye ahera hawe barahasenyura;

bahumanije ahera hagaragaza izina ryawe.

8 Bavuze mu mitima bati: "Turabaherengeteza bose!"

Baturiye aho gusengera Imana hose mu gihugu.

9 Nta bitangaza tukironka bivuye ku Mana;

nta bavugishwa n’Imana bakiriho

kandi nta wuzi igihe ivyo bizomara.

10 Ewe Mana, Umwansi azogucokora gushika ryari?

Abakugwanya bazokengera izina ryawe ibihe vyose?

11 Ni kuki ata co ukora, ukarera amaboko?

Kura ukuboko kwawe mu mpuzu maze ubamare!

12 Ariko Imana ni Umwami wanje kuva kera;

azana agakiza kw’isi.

13 Ni wewe waciyemwo kubiri ikiyaga kubera inkomezi zawe;

wamenye imitwe y’igisizimwe co mu mazi menshi.

14 Ni wewe wamenaguye imitwe ya Leviyatani

ukayitanga ngo ibe ivyokurya vy’ibikoko vyo mu bugaragwa.

15 Ni wewe wuguruye amasoko n’imigezi;

wakamije inzuzi z’ibihe vyose.

16 Umurango ni uwawe, n’ijoro na ryo ni iryawe;

ni wewe washizeho izuba n’ukwezi.

17 Ni wewe washizeho imbibe z’isi;

washizeho ici n’urushana.

18 Niwibuke ingene umwansi yagucokoye, ewe Uhoraho,

ingene abantu b’ibipfu bacokoye izina ryawe.

19 Ntutange intunguru imwe mu menyo y’ibikoko vyo mw’ishamba;

ntiwibagire abagorwa bo mu bantu bawe ibihe vyose.

20 Niwibuke isezerano ryawe,

kuko umuryano uri ahantu hose hari umwijima mu gihugu.

21 Ntureke abahahazwa ngo bagende bamaramaye;

abakene n’abagorwa bahimbaze izina ryawe.

22 Va hasi, ewe Mana, wiburanire;

niwibuke ingene ibipfu bigucokora bukarinda bwira.

23 Ntiwirengagize urwamo rw’abansi bawe,

urwamo rwinshi rw’abakugwanya rurushirizaho kwiyongera.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-