1 Uhoraho ni Imana ihana.
Yewe Mana ihana, seruka ukayangane.
2 Haguruka, ucire isi amateka;
subiriza mu nkoko abibone ibikwiranye na bo.
3 Uhoraho we, abanyakibi bazogeza ryari,
bazogeza ryari kwirata?
4 Bavuga amajambo y’ubwibone;
inkozi z’ibibi zose zuzuye ukwirata.
5 Bacinyiza abantu bawe, Uhoraho;
bagatoteza ishamvu yawe.
6 Bica umupfakazi n’inyambukira;
bagandagura impfuvyi.
7 Bakavuga bati: "Uhoraho ntabibona;
Imana ya Yakobo nta co yitaho."
8 Nimumenye ibi, yemwe bantu b’ibipfu;
yemwe bijuju, muzoca ubwenge ryari?
9 Uwaremye ugutwi ntashobora kwumva?
Uwaremye ijisho mbega ntabona?
10 Mbega uwutoza indero amahanga ntashobora guhana?
Uwigisha abana b’abantu mbega nta bwenge azi?
11 Uhoraho arazi ivyiyumviro vy’abana b’abantu;
arazi ko ari ubusa gusa.
12 Hahiriwe umuntu utoza indero, Uhoraho,
uwo wigisha Ivyagezwe vyawe.
13 Ubaha ugutekanirwa mu misi y’ivyago,
kugeza aho icobo kizokwimbirwa abanyakibi.
14 Kuko Uhoraho atazota abantu biwe;
ntazokwigera ahemukira inyegu yiwe.
15 Uguca imanza kuzosubira kwisunga ubugororotsi,
kandi abatuganye mu mitima bazogukurikira.
16 Ni nde azova hasi ngo angwanire kubera umunyakibi anteye?
Ni nde azomburanira agahangana n’inkozi z’ibibi?
17 Uhoraho iyo atantabara,
mba naragiye ahantu h’agacerere k’urupfu.
18 Aho navuga nti: "Ikirenge canje kiriko kiranyerera,"
urukundo rwawe rudashira, Uhoraho, rwaranshigikiye.
19 Aho nari nuzuye umubabaro,
uguhumurizwa kwawe kwanzaniye umunezero.
20 Mbega ingoma yononekaye yokwifatanya nawe;
ingoma izana amagorwa kubera ivyo itegeka?
21 Abanyakibi baja inama yo kugirira nabi umugororotsi
bagacira uwutagira icaha urwo gupfa.
22 Ariko Uhoraho yambereye igihome kinkingira,
Imana yanje yambereye igitandara nihishamwo.
23 Izobasubiriza mu nkoko ivyaha bakoze
izobahonya kubera ibibi bakoze;
Uhoraho Imana yanje izobahonya.