Publicidade

Salmos 142

Ni masikili ya Dawidi. Aho yari mu kinogo. Ni isengesho.

1 Ndatakambira Uhoraho n’ijwi rirenga;

nzoshira ijwi hejuru ntakambira Uhoraho.

2 Ndasuka amajojwa yanje imbere yiwe;

ndavuga ivyago vyanje imbere yiwe.

3 Iyo impwemu yanje icikiye intege muri jewe,

ni wewe urinda inzira yanje.

Mu nzira ngenderamwo

abantu banteze umutego.

4 Birabe ubibone, nta n’umwe ari i buryo bwanje;

nta n’umwe anyitayeho.

Singira ubuhungiro;

nta n’umwe yitayeho ubugingo bwanje.

5 Ndagutakambiye, Uhoraho;

ndavuga nti: "Uri ubuhungiro bwanje,

umugabane wanje mw’isi y’abazima."

6 Niwumve ugutakamba kwanje,

kuko ngowe cane;

ntabara unkize abampiga,

kuko bandusha inkomezi.

7 Umbohore unkure mw’ibohero ndimwo,

kugira ngo mpimbaze izina ryawe.

Maze abagororotsi bazokoranira aho ndi,

kuko unyeretse ukugira neza kwawe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-