Publicidade

Salmos 107

1 Nimushimire Uhoraho, kuko ari mwiza;

urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.

2 Abacunguwe n’Uhoraho nibashinge iyo intahe;

abo yacunguye akabakura mu kuboko kw’umwansi,

3 abo yegeranije abakura mu bihugu,

mu buseruko no mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko.

4 Bamwe bayerera mu bugaragwa, kw’isi igadutse,

ntibabona inzira yobashikana mu gisagara boshobora kubamwo.

5 Bari bashonje kandi banyotewe,

bari bihebuye.

6 Maze mu magorwa yabo, batakambiye Uhoraho,

na we arabakiza, abakura mu marushwa yabo.

7 Yabarongoreye mu nzira igororotse

abajana mu gisagara bari bagiye kubamwo.

8 Abo nibashime Uhoraho ku bw’urukundo rwiwe rudashira,

n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu,

9 kuko amara inyota abanyotewe

agahaza ivyiza abashonje.

10 Bamwe bicara mu mwiza, umwijima w’urupfu,

ari imbohe ziri mu mubabaro mu minyororo y’ivyuma,

11 kuko batumviye ivyo Imana yategetse

bagakengera imigambi y’Iyisumbavyose.

12 Nuko ibashira ku bikebere;

baratsitara, ntibaronka uwo kubatabara.

13 Maze mu magorwa yabo batakambira Uhoraho,

na we arabakiza, abakura mu marushwa yabo.

14 Yabakuye mu mwijima, umwijima w’urupfu,

acagagura iminyororo yabo.

15 Abo nibashime Uhoraho Ku bw’urukundo rwiwe rudashira,

n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu,

16 kuko yamenye inzugi z’imiringa

agacagagura ibihindizo vy’ivyuma.

17 Bamwe babaye ibipfu kubera inzira zabo mbi

bagira amagorwa ku bwo kugabitanya kwabo.

18 Banka kurya indya zose

bituma begereza ku marembo y’urupfu.

19 Maze mu magorwa yabo batakambira Uhoraho,

na we arabakiza, abakura mu marushwa yabo.

20 Yarungitse ijambo ryiwe, arabakiza;

arabatabara abakuye mu rupfu.

21 Abo nibashime Uhoraho Ku bw’urukundo rwiwe rudashira,

n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu.

22 Nibamushikanire ibimazi vy’ishimwe

bavuge ivyo yakoze mu ndirimbo z’umunezero.

23 Bamwe bagiye n’ubwato mu kiyaga;

bari abadandaza hejuru y’amazi y’inkomezi.

24 Babonye ibikorwa vy’Uhoraho,

ibitangaza yakoreye i bwina.

25 Kuko yavuze akavyura umuyaga

wavyuye imipfunda.

26 Baraduze baja hejuru bongera baramanuka i bwina;

muri ayo marushwa barihebura.

27 Barazunguriwe, baradandabagirana nk’imborerwa;

bari babaye nk’abatagira ubwenge.

28 Maze mu magorwa yabo, batakambiye Uhoraho,

na we abakura mu marushwa yabo.

29 Yahagaritse ingunza y’amazi;

imikuba iratekereza.

30 Baranezerewe aho catekereza,

na we arabarongora abashitsa aho bipfuza gushika.

31 Abo nibashime Uhoraho Ku bw’urukundo rwiwe rudashira,

n’ibikorwa bihambaye yakoreye abana b’abantu.

32 Nibamushire hejuru bari mw’ikoraniro ry’abantu

bamuhimbarize mw’ikoraniro ry’abakuru.

33 Yahinduye inzuzi ubugaragwa,

imigezi itemba ayihindura isi igadutse,

34 isi yimbuka nayo ayihindura igihugu c’umunyu,

kubera ibibi vy’abahaba.

35 Yahinduye ubugaragwa amariba y’amazi

n’isi igadutse ahantu h’amariba;

36 aho ni ho yahaye abashonje kubaho,

maze bubaka igisagara aho kuba.

37 Babiba mu mirima batera n’imizabibu

bimbura vyinshi;

38 abaha umugisha, n’ibitigiri vyabo birongerekana,

kandi ntiyemera ko amasho yabo agabanuka.

39 Hanyuma igitigiri cabo kiragabanuka, bacishwa bugufi

n’agahahazo, ivyago n’umubabaro;

40 Imana ituma abaganwa bamaramara

ituma bangara mu bugaragwa butagira inzira.

41 Ariko yakuye abakene mu mubabaro wabo

aca agwiza imiryango yabo nk’imikuku.

42 Abatunganye barabibona baranezerwa,

ariko abanyakibi bazibwa akanwa.

43 Nihaba hariho umunyabwenge niyiyumvire kuri ivyo

kugira ngo atahure ibikorwa vy’urukundo vy’Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-