1 Hahiriwe abababara umugorwa;
Uhoraho azobakiza mu gihe c’ivyago.
2 Uhoraho azobarinda abakingire;
bazoharurwa mu bahawe umugisha bo mu gihugu;
ntazobarekurira mu maboko y’abansi babo.
3 Uhoraho azobashigikira bari ku buriri bagwaye,
kandi azobasubizamwo inkomezi abahagurutse kuri ubwo buriri.
4 Naravuze nti: "Ngirira imbabazi, ewe Uhoraho;
unkize, kuko nagucumuyeko."
5 Abansi banje bamvuga nabi bati:
"Azopfa ryari ngo izina ryiwe ryibagiranwe?"
6 Iyo umwe muri bo aje kundaba,
avuga ibinyoma, umutima wiwe uba wuzuye uruvugo;
maze yasohoka akarukwiza hose.
7 Abansi banje bose bamvugira mu vyongoshwe;
banyipfuriza ibibi bavuga bati:
8 "Yafashwe n’ingwara idakira;
ntazovyuka aho aryamye."
9 N’umugenzi wanje pfampfe,
uwo nahora nizigira,
uwo twasangiye akabisi n’agahiye,
ni we yahindukiriye kungwanya.
10 Ariko wewe Uhoraho ngirira imbabazi,
unkure hasi, kugira ngo ndabihore.
11 Ndazi ko unezerererwa,
kuko umwansi wanje atazonyitamba ku muvyimba.
12 Kubera gutungana kwanje uranzigama,
ukampagarika imbere yawe ibihe vyose.
13 Uhoraho we, Imana ya Isirayeli nahimbazwe,
uhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira.
Amen kandi Amen.