Publicidade

Salmos 88

Ni indirimbo. Ni Zaburi ya bene Kora. Yahawe umukuru w’abaririmvyi mw’ijwi ryitwa Mahalati Leyanoti. Ni masikili ya Hemani Umunyazirahi.

1 Uhoraho, uri Imana inkiza;

ndagutakambira ku murango no mw’ijoro.

2 Icompa isengesho ryanje rigashika imbere yawe;

tega ugutwi ugutakamba kwanje.

3 Amagorwa arandengeye

kandi ubugingo bwanje bwegereye urupfu.

4 Mparurwa mu bamanuka baja muri rwa rwobo;

nabaye nk’umwe mu banyantegenke.

5 Nashizwe hamwe n’abapfuye,

nk’abishwe barambaraye mu mva,

abo utacibuka,

abo utakibabara.

6 Wanshize mu rwobo rw’i bwina,

ahantu hacuze umwijima.

7 Uburake bwawe burandemereye;

watumye imipfunda yawe indengera.

8 Wankuye mu bagenzi banje pfampfe

utuma ndabasesema. Ndugaranywe

kandi sinshobora gusohoka;

9 amaso yanje ahumishijwe n’umubabaro.

Imisi yose, ndakwambaza;

ndagutarikira amaboko.

10 Mbega uzokwereka ibitangaza vyawe abapfuye?

Mbega impwemu zabo zizozuka, ziguhimbaze?

11 Mbega urukundo rwawe ruzomenyekanishwa mu mva,

n’ukwizigirwa kwawe ahantu h’abapfuye?

12 Ibitangaza vyawe, mbega bizomenyekanira ahantu h’umwijima,

canke ibikorwa vyawe vyo kugororoka mu gihugu co kwibagiranwa?

13 Ariko ndagutakambira, ewe Uhoraho;

mu gitondo ugusenga kwanje kuza imbere yawe.

14 Ni igiki gitumye unta kure, ewe Uhoraho

ukampisha mu nyonga hawe?

15 Kuva mu buto bwanje namye ndi mu mubabaro negereye urupfu;

navukiye mu biteye ubwoba kandi ndihebuye.

16 Uburake bwawe bwanciyeko;

ibiteye ubwoba vyawe biranyishe.

17 Birankikuza bukarinda bwira nk’imipfunda;

vyandengeye impande zose.

18 Wankuyeko abagenzi n’ababanyi;

umwijima ni wo wabaye umukunzi wanje wa hafi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-