1 Ni vyiza guhimbaza Uhoraho
no gucurarangira izina ryawe, ewe Iyisumbavyose,
2 kwamamaza urukundo rwawe mu gitondo
n’ubwizigirwa bwawe mw’ijoro,
3 hakoreshejwe inanga y’imirya cumi
n’ijwi ry’ikembe.
4 Kuko ibikorwa vyawe biranezereza, ewe Uhoraho;
ndirimbishwa n’umunezero kubera ibikorwa vy’inkoke zawe.
5 Mbega ukuntu ibikorwa vyawe ari ibihambaye, Uhoraho,
n’ivyo wiyumvira bishika i bwina!
6 Abatagira ubwenge nta co bamenya,
ibipfu ata co bitahura.
7 Naho abanyakibi bakura nk’ivyatsi,
inkozi z’ibibi zigatotahara,
bazorandurwa ibihe vyose.
8 Ariko weho, Uhoraho, ushizwe hejuru ibihe bidashira.
9 Nta nkeka, abansi bawe, ewe Uhoraho,
ni ukuri abansi bawe bazohona;
inkozi z’ibibi zose zizosanzazwa.
10 Wampaye inkomezi nk’iz’imbogo;
unsukako amavuta meza y’umunezero.
11 Amaso yanje yiboneye ukuneshwa kw’abangwanya;
amatwi yanje yiyumvira uguhunga kw’abanyanka.
12 Umugororotsi azototahara nk’ikigazi,
akure asagarare nk’isederi ry’i Libani.
13 Atewe mu nzu y’Uhoraho,
azototaharira mu birimba vy’Imana yacu.
14 No mu busaza bwiwe azoba acama ivyamwa,
azokwamana ubuto n’itoto,
15 yamamaze avuga ati: "Uhoraho aratunganye;
ni we Gitandara canje, kandi nta bubi buri muri we!"