Publicidade

Salmos 145

Ni Zaburi yo gushima. Ni iya Dawidi.

1 Nzogushira hejuru, Mana yanje, wewe Mwami;

nzohimbaza izina ryawe ibihe bidashira.

2 Imisi yose nzoguhimbaza

nshire hejuru izina ryawe ibihe n’ibihe.

3 Uhoraho arahambaye kandi abereye gushimwa;

nta n’umwe yomenya ubukuru bwiwe.

4 Urunganwe rubwira urundi ivyiza wakoze;

bavuga ivy’inkomezi wakoze.

5 Bavuga ugukayangana kw’ubwiza bw’icubahiro cawe;

nanje nzorimbura ibikorwa vyawe bitangaje wakoze.

6 Bavuga ivy’ubushobozi bw’ibihambaye wakoze;

nanje nzokwamamaza ibikorwa vyawe bihambaye.

7 Bazohimbaza ukugira neza kwawe kwinshi,

baririmbane umunezero ivy’ukugororoka kwawe.

8 Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,

ateba kuraka akagira urukundo rwinshi.

9 Uhoraho agirira bose neza;

agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.

10 Uhoraho, ibikorwa vyawe vyose biraguhimbaza;

abizigirwa bawe bagushira hejuru.

11 Bavuga icubahiro c’ubwami bwawe

kandi bavuga ivy’inkomezi wakoze,

12 kugira ngo abantu bose bamenye ibikorwa vyawe bihambaye

n’ugukayangana kw’ubwiza bw’ubwami bwawe.

13 Ubwami bwawe ntibuzogira iherezo,

n’ukuganza kwawe guhoraho uko urunganwe ruzokuranwa n’urundi.

Uhoraho ni uwo kwizigirwa mu vyo asezerana vyose

kandi ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.

14 Uhoraho ashigikira abaguye,

akavyura abacishijwe bugufi.

15 Bose baguhanga amaso,

nawe ukabahaza ivyokurya mu gihe gikwiye.

16 Upfundurura ikiganza cawe

ugahaza ukwipfuza kw’ibiri n’ubuzima vyose.

17 Uhoraho aragororotse mu nzira ziwe zose

kandi ni umwizigirwa mu vyo akora vyose.

18 Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose,

abamwambaza mu kuri bose.

19 Ashitsa ivyo abamwubaha bipfuza;

yumva ugutakamba kwabo maze akabakiza.

20 Uhoraho azigama abamukunda bose,

ariko abanyakibi azobahonya.

21 Akanwa kanje kazovuga ivyo guhimbaza Uhoraho.

Ivyaremwe vyose nibihimbaze izina ryiwe ryera

ibihe bitazoshira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-