Publicidade

Salmos 146

1 Haleluya.

Mutima wanje, himbaza Uhoraho.

2 Nzohimbaza Uhoraho ubuzima bwanje bwose;

nzoririmba izo guhimbaza Imana yanje nkiriho.

3 Ntimukishimire abahambaye,

canke abana b’abantu, badashobora gukiza.

4 Iyo impwemu yabo ibavuyemwo, basubira mw’ivu,

kuri uwo musi nyene imigambi yabo igahinduka ubusa.

5 Hahiriwe abahungira ku Mana ya Yakobo,

ivyizigiro vyabo bikaba k’Uhoraho Imana yabo.

6 Ni we yaremye ijuru n’isi,

ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose;

aguma ari umwizigirwa ibihe bidashira.

7 Ni we aburanira abacinyizwa

akagaburira abashonje.

Uhoraho ni we abohora imbohe,

8 Uhoraho ni we ahumura impumyi,

Uhoraho ni we ashira hejuru abaciye bugufi,

Uhoraho ni we akunda abagororotsi.

9 Uhoraho azigama inyambukira

agashigikira impfuvyi n’umupfakazi,

ariko inzira z’abanyakibi arazigoramika.

10 Uhoraho aganje ibihe bidashira,

Imana yawe, ewe Siyoni,

iraganje uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.

Haleluya.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-