1 Umwami anezerererwa inkomezi zawe, ewe Uhoraho.
Ese ingene umunezero wiwe ari mwinshi ku bw’intsinzi nyinshi umuha!
2 Wamuhaye ico umutima wiwe wipfuza
kandi ntiwamwimye ico iminwa yiwe yasavye.
3 Waje kumuramutsa umuzaniye imigisha myinshi
kandi wamwambitse ku mutwe urugori rw’inzahabu iramuye.
4 Yagusavye ubuzima, na we urabumuha;
ni kwo kuramba kw’ibihe bidashira.
5 Ku bw’intsinzi nyishi wamuhaye, icubahiro ciwe cabaye cinshi;
wamushizeko ubwiza n’igitinyiro.
6 Ni ukuri wamuhaye imigisha idashira
kandi wamuhaye guhimbarirwa no kuba mu nyonga zawe.
7 Kuko umwami yizigira Uhoraho;
ari mu rukundo rudashira rw’Iyisumbavyose,
ntazonyiganyizwa.
8 Ukuboko kwawe kuzofata mpiri abansi bawe bose;
ukuboko kwawe kw’i buryo kuzocakira abansi bawe.
9 Niwaseruka mu rugamba,
uzobatongora bose nk’uwubaturira mw’itanure.
Uhoraho azobamira miyonzwa mu burake bwiwe,
kandi umuriro wiwe uzobatongora.
10 Uzoherengeteza uruvyaro rwabo kw’isi,
ababakomokako bazokurwa mu bana b’abantu.
11 Naho bakugirira inama mbi
bakagira imigambi mibi kuri wewe, nta co bazoshikako.
12 Uzotuma basubiza umugongo inyuma
niwabatumberezako umuheto wawe ufoye.
13 Ushirwe hejuru mu nkomezi zawe, ewe Uhoraho;
tuzoririmba dushima inkomezi zawe.