Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Icurarangishwa ibicurarangisho vy’imirya. Ni Zaburi, kandi ni indirimbo.
1 Ese Imana, yotugirira ubuntu ikaduhezagira,
mu nyonga hayo tukaboneka dufise igikundiro;
2 kugira ngo inzira zawe zimenyekane kw’isi,
n’agakiza kawe kamenyekane mu mahanga yose.
3 Amoko naguhimbaze, ewe Mana;
amoko yose naguhimbaze.
4 Ese amahanga yose yonezerwa akavuza impundu z’umunezero,
kuko urongora abantu bose mu bugororotsi
ukarongora amahanga yose yo kw’isi.
5 Amoko naguhimbaze, ewe Mana;
amoko yose naguhimbaze.
6 Isi yimbuka ivyimburwa vyayo;
ewe Mana, Mana yacu, duhe umugisha.
7 Ese Imana yoduha umugisha,
kugira ngo abo ku mpera z’isi bose baze bayubahe.