Publicidade

Salmos 47

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya bene Kora. Ni Zaburi.

1 Yemwe mahanga mwese, nimukome amashi;

nimushire ijwi hejuru muvugirize Imana impundu.

2 Kuko Uhoraho Musumbavyose ateye ubwoba,

ni Umwami ahambaye aganza isi yose.

3 Yacishije bugufi amahanga musi yacu,

amoko yayashize musi y’ibirenge vyacu.

4 Yadutoranirije umugabane wacu,

ivyirato vya Yakobo, uwo yakunze.

5 Imana iduze mu mashimwe,

Uhoraho aduze mu majwi y’inzamba.

6 Nimuhimbaze Imana, nimuyihimbaze;

nimuhimbaze Umwami wacu, nimumuhimbaze.

7 Kuko Imana ari Umwami aganza isi yose;

nimumuririmbire Zaburi y’ishimwe.

8 Imana iganje amahanga yose;

Imana ivyagiye ku ntebe yayo yera y’ubwami.

9 Abaganwa b’amahanga bakoraniye hamwe

nk’abantu b’Imana ya Aburahamu,

kuko abami bo mw’isi ari ab’Imana;

ni yo ishizwe hejuru cane.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-