Publicidade

Salmos 14

Yahawe umukuru w’abaririmvyi: ni Zaburi ya Dawidi.

1 Igipfu cibwira mu mutima kiti:

"Nta Mana iriho."

Abantu nk’abo barononekaye, ibikorwa vyabo biteye isoni,

nta n’umwe muri bo akora ivyiza.

2 Uhoraho arunguruka ari mw’ijuru

akitegereza abana b’abantu

ngo arabe ko hari n’umwe atahura,

canke ko hari n’umwe arondera Imana.

3 Bose barazimiye, bose barononekaye;

nta wukora ivyiza,

eka nta n’umwe.

4 Mbega abo bantu b’inkozi z’ikibi bose nta co bazi?

Barya abantu banje nk’abarya umutsima;

ntibigera bambaza Uhoraho.

5 Ariko aho nyene ni ho ubwoba bubafatiye,

kuko Imana iri mw’ikoraniro ry’abagororotsi.

6 Mwebwe abakora ibibi mwica imigambi y’abakene,

ariko Uhoraho ni ubuhungiro bwabo.

7 Ese icompa agakiza ka Isirayeli kakaza kavuye i Siyoni!

Aho Uhoraho azosubirira guhezagira abantu biwe;

aba Yakobo baze banezerwe, Abisirayeli bahimbarwe!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-