Publicidade

Salmos 36

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi umusavyi w’Uhoraho.

1 Mfise ubutumwa mu mutima wanje buvuye ku Mana yanje

bwerekeye ububi bw’abanyakibi ngo:

Nta gutinya Imana

kuri muri bo.

2 Mu maso yabo barihenda ubwabo

kugeza aho batamenya canke ngo banke icaha cabo.

3 Amajambo yo mu kanwa kabo ni mabi, ni ay’uruhendo;

bananiwe no gukora ivy’ubwenge canke ngo bakore ivyiza.

4 Bari no ku mariri yabo baja imigabo yo gukora ibibi;

bakiyegurira gusiganwa mu bibi

ntibatere ibitugu ibitari ivy’ukuri.

5 Uhoraho, urukundo rwawe rushika no mw’ijuru,

ukwizigirwa kwawe gushika no mu birere.

6 Ukugororoka kwawe kumeze nk’imisozi miremire,

imanza zawe zimeze nk’idamba rinini.

Ewe Uhoraho Mana, ni wewe ubwawe uzigama abantu n’ibikoko.

7 Ese ukuntu urukundo rwawe rudashira ari akaburarugero, ewe Mana!

Abantu bahungira musi y’igitutu c’amababa yawe.

8 Bagira umusi mukuru mu bihinda vyo mu nzu yawe;

ubaha ivyo kunywa biva ku ruzi rwawe rw’ibiryoshe.

9 Kuko kuri wewe ari ho hari isoko y’ubugingo;

mu nyonga hawe ni ho tubonera umuco.

10 Shishikara ukunda abakumenye,

ugume uri umugororotsi ku batunganye mu mitima.

11 Ikirenge c’umwibone ntikigahonyore iwanje,

n’ukuboko kw’umunyakibi kwirukanwe.

12 Ehe ingene inkozi z’ibibi ziguye hasi;

baratemvye, ubutagihaguruka!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-