Publicidade

Salmos 90

Ni isengesho rya Mose umuntu w’Imana.

1 Uhoraho, watubereye aho kuba

uko urunganwe rwakurikiranye n’urundi.

2 Imisozi itaravuka

canke ngo wibaruke isi yose,

uhereye kera hose ukageza ibihe bidashira uri Imana.

3 Usubiza abantu mu mukungugu,

ukavuga uti: "Subire mu mukungugu, mwa bantu buntu."

4 Imyaka igihumbi imbere yawe

ni nk’umusi warenganye gusa,

canke igice kimwe c’ijoro.

5 Ariko utwara abantu bakamera nk’inzozi;

bakamera nk’ivyatsi bimera mu gitondo:

6 Mu gitondo biramera bigatotahara;

ariko ku mugoroba biruma bigakabirana.

7 Turanduwe n’uburake bwawe

dutewe ubwoba n’ubushangashirwe bwawe.

8 Washize ibigabitanyo vyacu imbere yawe,

ivyaha vyacu vyo mu mpisho ubishira imbere y’inyonga zawe.

9 Imisi yacu yose tuyimara turi mu burake bwawe;

turangiza imyaka yacu turi mu kuniha.

10 Imisi yacu ishobora kungana n’imyaka mirongo indwi,

canke mirongo umunani, ku banyenkomezi

ariko ivyiza vyo muri yo

n’ivyago n’umubabaro gusa.

11 Ese iyo tumenya ubushobozi bw’uburake bwawe!

Uburake bwawe bungana n’ukwubahwa kugukwiye.

12 Utwigishe guharura imisi yacu,

kugira ngo turonke imitima y’ubwenge.

13 Niwigarure, Uhoraho! Bizogeza ryari?

Girira ikigongwe abasavyi bawe.

14 Mu gitondo uze uduhaze urukundo rwawe rudashira,

kugira ngo tuvuze impundu kandi tunezererwe imisi yacu yose.

15 Utunezereze imisi ingana n’iyo watubabaje,

imyaka ingana iyo twaboneyemwo ivyago.

16 Niwereke ibikorwa vyawe abasavyi bawe,

hamwe n’ubwiza bwawe abana babo.

17 Ukugira neza kw’Uhoraho Imana yacu kube kuri twebwe

ukomeze igikorwa c’intoke zacu;

egome, komeza igikorwa c’intoke zacu.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-