1 Muri wewe, Uhoraho Mana yanje,
ni ho nshira ivyizigiro vyanje.
2 Ndakwizigiye;
ntundeke ngo maramare,
ntureke ngo abansi banje baneshe.
3 Nta wukwizigiye
azokwigera amaramara,
ariko abahemuka ata nyanduruko
ni bo bazomaramara.
4 Nyereka inzira zawe, ewe Uhoraho,
unyigishe kubaho uko ugomba.
5 Ndongorera mu kuri kwawe unyigishe,
kuko uri Imana Umukiza wanje,
kandi ni wewe nizigira bukarinda bwira.
6 Niwibuke, Uhoraho, imbabazi zawe nyinshi n’urukundo rwawe,
kuko biriho uhereye kera hose.
7 Ntiwibuke ivyaha vyo mu buto bwanje
n’inzira zanje z’ubugarariji;
nyibuka ku bw’urukundo rwawe,
kuko wewe, Uhoraho, uri mwiza.
8 Uhoraho ni mwiza aragororotse;
ni co gituma azokwigisha abanyavyaha inzira ziwe.
9 Arongorera abaciye bugufi mu nzira itunganye
akabigisha ivy’inzira yiwe.
10 Inzira zose z’Uhoraho zerekana urukundo n’ubwizigirwa
ku bitondera ivyo yihanikirije mw’isezerano ryiwe.
11 Uhoraho, ku bw’izina ryawe,
mparira ukugabitanya kwanje, naho ari ugukomeye.
12 None, ni ba nde bubaha Uhoraho?
Azobereka inzira bakwiye kujana.
13 Bazomara imisi yabo bari mu buhirwe,
kandi uruvyaro rwabo ruzoragwa igihugu.
14 Uhoraho abwira ibanga ryiwe abamwubaha;
akabamenyesha isezerano ryiwe.
15 Amaso yanje ndayahanga Uhoraho ibihe vyose,
kuko ari we wenyene azokura ibirenge vyanje mu mutego.
16 Hindukira ungirire ubuntu,
kuko ndi inyakamwe nkaba ndi mu mubabaro.
17 Kuraho amarushwa yo mu mutima wanje,
unkure mu mubabaro.
18 Raba umubabaro wanje n’amarushwa yanje
kandi unkureko ivyaha vyanje vyose.
19 Raba ingene abansi banje ari benshi
n’ukuntu banyanka urunuka!
20 Zigama ubugingo bwanje unkize;
ntundeke ngo maramare,
kuko nguhungiyeko.
21 Ugutungana n’ubugororotsi nibinzigame,
kuko ivyizigiro vyanje biri muri wewe, Uhoraho.
22 Rokora Isirayeli, ewe Mana,
ubakure mu marushwa yabo yose!