Pular para o conteúdo
Publicidade

Zaburi 129

Ni indirimbo yo mw’iduga.

1 "Barangwanije cane kuva nkiri muto."

Abisirayeli nibavuge batyo:

2 "Barangwanije cane kuva mu buto bwanje,

ariko ntibanesheje.

3 Abarimyi barimye ku mugongo wanje

bahaciye imirongo miremire.

4 Ariko Uhoraho aragororotse;

yacagaguye imigozi y’abanyakibi."

5 Icompa abanka Siyoni bose

bagasubira inyuma bamaramaye.

6 Icompa bakamera nk’ivyatsi vyameze ku nzu,

vyuma bitarakura;

7 umwimbuzi ntashobora kuvyuzuza ibiganza vyiwe,

canke uwegeranya ngo aronke ivyo guteruza amaboko;

8 Icompa ababarengana ntibababwire bati:

"Umugisha wUhoraho ubane na we;

tubahezagiye mw’izina ryUhoraho."

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também