Ni indirimbo yo mw’iduga.
1 Uhoraho ndagutakambira, bivuye i bwina;
2 Niwumve ijwi ryanje, ewe Mana.
Utege amatwi
ukwinginga kwanje.
3 Iyaba wama wibuka ivyaha, ewe Uhoraho,
ni nde yohagarara?
4 Ariko ufise uguharira hafi yawe,
kugira ngo dushobore kugukorera, tukwubashe.
5 Niteze Uhoraho, ubugingo bwanje bwose buramwiteze
kandi ivyizigiro vyanje biri kw’ijambo ryiwe.
6 Niteze Imana
kurusha uko abararirizi barindira ko buca,
kurusha uko abararirizi barorera ko buca.
7 Ewe Isirayeli, niwizigire Uhoraho,
kuko hafi yiwe ari ho urukundo rudashira ruri
n’ugucungurwa gushitse.
8 Ni we ubwiwe azokwicungurira Abisirayeli
abakure mu vyaha vyabo.