Publicidade

Salmos 138

Ni iya Dawidi.

1 Uhoraho, nzoguhimbaza n’umutima wanje wose;

imbere "y’ibigirwamana" nzokuririmbira ishimwe.

2 Nzokwunama ntumbereye Ingoro yawe yera,

maze mpimbaze izina ryawe

kubera urukundo rwawe rudashira n’ukwizigirwa kwawe,

kuko washize hejuru izina ryawe n’ijambo ryawe

ubirutisha ibindi bintu vyose.

3 Igihe nahamagara, waranyishuye;

maze urandemesha mu kunyongera inkomezi.

4 Abami bose bo kw’isi nibaguhimbaze, Uhoraho,

nibumva ivyo washinze.

5 Baze baririmbe ivy’inzira z’Uhoraho,

kuko icubahiro c’Uhoraho gihambaye.

6 Naho Uhoraho ashizwe hejuru, ararabana ubugwaneza abaciye bugufi;

naho ari uwuhambaye, ababonera kure.

7 Naho ngendera hagati y’amarushwa,

uzigama ubugingo bwanje;

uramvurira ukuboko kwawe kugwanya abangwanya;

unkirisha ukuboko kwawe kw’i buryo.

8 Uhoraho azoshitsa ivyo yasezeranye ku bugingo bwanje;

urukundo rwawe, Uhoraho, rwamaho ibihe vyose;

ntuhebe ibikorwa vy’intoke zawe.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-