Publicidade

Salmos 68

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi. Ni Zaburi, kandi ni indirimbo.

1 Imana nihaguruke, abansi bayo bose basanzare;

abayanka bose nibahunge mu nyonga hayo.

2 Ese wobatumurira kure nk’umwotsi;

nk’uko ishashara rishonga imbere y’umuriro,

ese abanyakibi bohonera imbere y’Imana.

3 Ariko ese abagororotsi bohimbarwa

bakanezerererwa imbere y’Imana;

ese bonezerwa bakuzura akamwemwe.

4 Nimuririmbire Imana, nimuririmbe mushima izina ryiwe,

mutegure inzira y’uwugendera ku bicu;

nimunezererwe imbere yiwe; izina ryiwe yitwa Uhoraho.

5 Ni we se w’impfuvyi, uwutabara abapfakazi,

ni Imana iba ahera hayo.

6 Imana ishira inyakamwe mu miryango,

isohora imbohe zikaririmba;

ariko abagarariji bazoba ahagadutse.

7 Ewe Mana, igihe waja imbere y’ubwoko bwawe,

igihe wagendagenda mu bugaragwa,

8 isi yaranyiganyize, amajuru arekura imvura,

imbere y’Imana, Imana y’i Sinayi,

imbere y’Imana, Imana ya Isirayeli.

9 Watanze imvura nyinshi, ewe Mana;

wasubijemwo inkomezi umugabane wawe.

10 Ubwoko bwawe bwahagize aho kuba,

mu kugira neza kwawe, ewe Mana, wagaburiye abakene.

11 Imana yatanze ijambo,

abagore baryamamaza na bo bacika ingabo zikomeye:

12 Abami n’ingabo barahunze;

abagore bibereye i muhira bagabura iminyago.

13 Mbere n’abiryamiye mu mpongore z’intama baronka ubwatsi,

amababa y’inuma yanje asizwe ifeza,

amoya yayo na yo asize inzahabu ikayangana.

14 Igihe Iyishoboravyose yirukana abami mu gihugu,

vyari bimeze nka shelegi yaguye ku musozi Zalumoni.

15 Musozi Bashani, musozi w’ubwiza,

Musozi Bashani, musozi w’udutwe twinshi,

16 ni kuki, ewe musozi w’udutwe twinshi, ugirira ishari

umusozi Imana yatoranije ngo ivyagireko,

aho Uhoraho ubwiwe azokwibera ibihe vyose?

17 Imikogote y’Imana ni ibihumbi bidaharurika,

n’ibihumbi n’ibihumbi;

Uhoraho aturutse i Sinayi aje ahera hiwe.

18 Aho waduga iyo hejuru,

wajanye iminyago myinshi;

wakiriye impano nyinshi mu bantu,

no mu bagarariji;

kugira ngo uhibere, wewe Uhoraho Mana.

19 Uhoraho ahimbazwe, Imana yo Mukiza wacu,

atwikorerera imitwaro uko bukeye.

20 Imana yacu ni Imana ikiza;

Uhoraho Nyeninganji ni we adukiza urupfu.

21 Ni ukuri Imana izomenagura imitwe y’abansi bayo,

hamwe n’ibitsibo vy’umushatsi vy’abashishikara gukora ivyaha.

22 Imana iravuze iti: "Nzobazana ndabakuye i Bashani;

nzobazana ndabakuye mw’idamba ry’ikiyaga,

23 kugira ngo ibirenge vyanyu bihonyore mu maraso y’abansi banyu,

mu gihe indimi z’imbwa zanyu zizoronka umugabane wazo."

24 Turabona abakugendaniye, ewe Mana,

abagendaniye Imana yanje, Umwami wanje binjiye ahera hiwe.

25 Imbere hari abaririmvyi, bakurikiwe n’abacuraranzi;

bari kumwe n’abigeme bavuza utugoma dutoduto.

26 Himbaza Imana muri mw’ikoraniro rinini;

mutazire Uhoraho muri mw’ikoraniro rya Isirayeli.

27 Ehe umuryango mutoya wa Benyamini, ni wo ubarongoye,

abaganwa ba Yuda n’ingabo zabo,

n’abaganwa ba Zebuloni na Nafutali.

28 Hamagara ubushobozi bwawe, Mana;

utwereke inkomezi zawe, Mana yacu, nk’uko wabikoze kera.

29 Abami bazokuzanira ingabire

mu Ngoro yawe i Yerusalemu.

30 Kankamira ibikoko vyo mu marenga,

amapfizi yo mu masho y’amahanga.

Nibicishwe bugufi maze bizane imirava y’ifeza yo guhonga.

Sanzaza amahanga anezerererwa intambara.

31 Intumwa zizoza zivuye muri Egiputa;

I Kushi hazoca bugufi imbere y’Imana.

32 Nimuririmbire Imana, yemwe bwami bwo mw’isi,

nimutazire Uhoraho,

33 uwugendera ahasuma ijuru, uwuganza amajuru,

uwuturagara n’ijwi ry’inkomezi.

34 Nimumenyekanishe ubushobozi bw’Imana,

igitinyiro ciwe kiri kuri Isirayeli,

ubushobozi bwiwe buri mw’ijuru.

35 Ewe Mana, uteye ubwoba uri ahera hawe;

Imana ya Isirayeli ni yo iha inkomezi abantu bayo.

Imana ishimwe!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-