1 Haleluya.
Nimuririmbire Uhoraho indirimbo nsha,
mumuririmbire ishimwe mw’ikoraniro ry’abera biwe.
2 Isirayeli nibanezerererwe Umuremyi wabo;
ab’i Siyoni nibanezerererwe Umwami wabo.
3 Nibahimbaze izina ryiwe batamba
bamuvugirize umurya w’inanga n’umurisho w’ingoma.
4 Kuko Uhoraho ahimbarirwa abantu biwe;
yambika abaciye bugufi ukunesha nk’igitsibo.
5 Abera biwe nibanezererwe icubahiro ciwe
bamuvugirize impundu bari ku mariri yabo.
6 Uguhimbaza Imana kube mu kanwa kabo
bafise inkota y’ubugi bubiri mu ntoke,
7 kugira ngo bihore amahanga
bahane amoko,
8 bongere baboheshe iminyororo abami bayo,
abaganwa bayo bababoheshe imigozi y’ivyuma,
9 maze bashitse urubanza bandikiwe ko bazohanwa;
ico ni co cubahiro c’abera biwe.
Haleluya.