1 Ngirira imbabazi, Mana yanje,
kuko abansi banje bampiga cane;
barampiga bukarinda bwira.
2 Abangwanya barampiga bukarinda bwira;
ni benshi bampigana ubwibone bwabo.
3 Igihe cose ngize ubwoba, ni wewe nizigira.
4 Nshimira Imana ivyo yasezeranye.
Imana ni yo nizigira singire ubwoba.
Mbe abantu buntu bongira iki?
5 Bagoreka amajambo yanje bukarinda bwira;
nta kindi barota atari ukunyica.
6 Bagira inama, bakangenza,
bagenzura intambuko zanje,
bashaka kunyica.
7 Kubera ibibi vyabo ntubareke ngo bagende uko;
Mana, utsinde hasi amahanga mu burake bwawe.
8 Ibuka amagorwa yanje;
andika amosozi yanje mu gitabu cawe;
mbega ntiwayanditse?
9 Aho ni ho abansi banje bazosubira inyuma
ninatabaza.
Aho ni ho nzomenyera ko Imana iri mu ruhande rwanje.
10 Imana, iyo nshimira amajambo yayo,
Uhoraho, uwo mpimbaza ijambo ryiwe;
11 Imana ni yo nizigira maze singire ubwoba.
Mbega umuntu yoshobora kungira iki?
12 Naragusezeraniye Mana yanje;
nzogushikanira ikimazi c’ishimwe.
13 Kuko wantabaye ukankura mu rupfu
n’ibirenge vyanje ukabirinda gutsitara,
kugira ngo nze ngendere imbere y’Imana
mu muco w’ubugingo.