Publicidade

Salmos 65

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni Zaburi ya Dawidi. Ni indirimbo.

1 Mana yacu, ubereye amashimwe uri i Siyoni;

tuzoshitsa ivyo twagusezeraniye.

2 Wewe wishura amasengesho,

abantu bose bazoza kuri wewe.

3 Aho twari turengewe n’ivyaha vyacu,

waduhariye ibigabitanyo vyacu.

4 Hahiriwe abantu utoranya

ukabiyegereza ngo babe mu rugo rw’Ingoro yawe.

Duhagijwe n’ivyiza vyo mu nzu yawe,

vyo mu Ngoro yawe yera.

5 Utwirura mu bikorwa biteye ubwoba vyo kugororoka,

Mana Mukiza wacu,

wewe vyizigiro vyo ku mpera z’isi zose

n’ivy’ibiyaga vya kure,

6 waremesheje imisozi ubushobozi bwawe,

wambaye inkomezi,

7 wewe wahojeje ukubomborana kw’ibiyaga,

ugusuriranya kw’imipfunda yavyo,

n’urwamo rw’amahanga.

8 Isi yose irahinda agashitsi kubera ibitangaza vyawe;

bituma umutwenzi utambika, ahandi bukira,

ugahamagara indirimbo z’umunezero.

9 Witwararika isi ukayivomerera;

ukayuzuzamwo ubutunzi bwinshi.

Imigezi y’Imana yuzuye amazi

ngo uhe abantu ivyimburwa vy’ibinyantete,

kuko ariko wabitegetse.

10 Wuzuza imivo yayo ukamenagura ibinonko;

uyibombekesha imvura ugaha umugisha ivyimburwa vyayo.

11 Umwaka uwambika urugori ukoresheje ivyimburwa,

aho uciye haba ubutunzi bwinshi.

12 Imisozi yumye yo mu bugaragwa yambaye ivyimburwa;

uturambi watwambitse umunezero.

13 Imirambi yuzuyeko imikuku

n’ibiyaya vyuzuyemwo ingano;

bivuza impundu y’umunezero bikaririmba.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-