Publicidade

Salmos 63

Ni Zaburi ya Dawidi. Yayirorimvye igihe yari mu bugaragwa bw’i Buyuda.

1 Mana, ni wewe Mana yanje,

ndakuronderana umwete;

ndakunyotewe,

ibiri muri jewe vyose birakwipfuza,

ndi mu gihugu cumye kigadutse

kitagira amazi.

2 Narakubonye uri ahera

nitegereza ubwiza bwawe n’ubushobozi bwawe.

3 Kuko urukundo rwawe ari rwiza kurusha ubugingo,

iminwa yanje izogushima.

4 Nzogutazira nkiriho,

nzotarika amaboko yawe mw’izina ryawe.

5 Umutima wanje uzohazwa nk’uwariye ivyokurya biryoshe kurusha ibindi vyose;

akanwa kanje kazoguhimbaza iminwa yanje ikuririmbire.

6 Ndyamye ku buriri bwanje ndakwibuka;

ndakwiyumvira iyo nteramye mw’ijoro.

7 Kuko uri umutabazi wanje,

ndaririmbira musi y’igitutu c’amababa yawe.

8 Nzokwumirako;

ukuboko kwawe kw’i buryo kuranseguye.

9 Abagomba kunyica bazohona;

bazomanuka baja i kuzimu.

10 Bazokwicishwa inkota

bahinduke inyama z’imbwebwe.

11 Ariko umwami azonezererwa mu Mana;

uwirahira mw’izina ry’Imana azohimbarirwa muri we,

ariko akanwa k’ababeshi kazozibwa.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-