Publicidade

Salmos 103

Ni iya Dawidi.

1 Mutima wanje, himbaza Uhoraho;

namwe bimbamwo mwese, nimuhimbaze izina ryiwe ryera.

2 Mutima wanje, himbaza Uhoraho,

ntiwibagire ivyiza yagukoreye vyose;

3 ni we aharira ivyaha vyawe vyose

agakiza ingwara zawe zose,

4 ni we acungura ubugingo bwawe ngo ntibuje muri rwa rwobo

akakwambika urukundo n’imbabazi nk’igitsibo,

5 ni we aguhaza ivyiza

kugira ngo ubusore bwawe bwiyubure nk’ubw’inkona.

6 Uhoraho agirira ivyo kugororoka

n’ivy’imanza zibereye abahahazwa bose.

7 Yamenyesheje Mose inzira ziwe,

n’ibikorwa vyiwe kuri Isirayeli:

8 Uhoraho agira impuhwe n’ubuntu,

ateba kuraka, akagira urukundo rwinshi.

9 Ntazokwama yagiriza,

kandi ntazokwama aratse ibihe vyose;

10 ntadukorera ibikwiranye n’ivyaha vyacu

canke ngo atugerere ibihwanye n’ibigabitanyo vyacu.

11 Kuko nk’uko amajuru yitanguriye isi,

ni ko urukundo agirira abamwubaha rungana;

12 nk’uko ubuseruko bwitanguriye uburengero,

ni ko yashiburiye kure yacu ibigabitanyo vyacu.

13 Nk’uko se agirira abana ikigongwe,

ni ko Uhoraho agirira ikigongwe abamwubaha;

14 kuko azi iremwa ryacu,

yibuka ko turi umukungugu.

15 Ubugingo bw’abana b’abantu ni nk’ivyatsi gusa,

bamera nk’amashurwe yo ku misozi;

16 umuyaga uyahuhako akaba agiye,

aho yahora ntihabe hacibukwa.

17 Ariko uhereye ibihe vyose ukageza ibihe vyose

urukundo rw’Uhoraho ruri ku bamwubaha,

kandi ukugororoka kwiwe kuri ku ruvyaro rw’abana babo;

18 ku bitondera isezerano ryiwe

bakibuka kwitondera ivyo yashinze.

19 Uhoraho yashinze intebe y’ubwami yiwe mw’ijuru,

kandi ni umwami aganza vyose.

20 Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe bamarayika biwe,

yemwe banyenkomezi mukora ivyo ategetse,

mwumvira ijambo ryiwe.

21 Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe mwa nyenyeri zo kw’ijuru,

yemwe basavyi biwe bakora ivyo agomba.

22 Nimuhimbaze Uhoraho, yemwe bikorwa vyiwe

aho muri hose mu bwami bwiwe.

Mutima wanje, himbaza Uhoraho.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-