Pular para o conteúdo
Publicidade

Zaburi 70

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni iya Dawidi. Ni ukwinginga.

1 Mana, tebuka unkize;

Uhoraho, tebuka untabare.

2 Abagomba kunyica

nibamaramare bakorwe n’isoni;

abipfuza ko nohona bose

nibasubizwe inyuma bateterewe.

3 Abambwira bati: "Aha! Aha!"

basubire inyuma kubwo kumaramara.

4 Ariko abakurondera bose

nibanezerwe bahimbarirwe muri wewe;

abipfuza ugutabarwa kwawe bame bavuga bati:

"Imana irahambaye!"

5 Ariko jeho ndi umworo, kandi ndi umukene;

nuze aho ndi vuba, ewe Mana.

Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje;

Uhoraho we, ntutebe.

Estes versículos te tocaram? Ore agora!

+581 estão orando agora.

Junte-se à corrente de oração.

Veja também