Ni Zaburi ya Asafu.
1 Imana ivyagiye mu nama nkuru y’ubucamanza;
icira imanza ibigirwamana:
2 iti: "Muzogeza ryari kuburanira abo gutsindwa
no kwerekeza urubanza ku banyakibi?
3 Nimuburanire abanyantegenke n’impfuvyi;
muburane urw’umukene n’uwuhahazwa.
4 Mutabare umunyantegenke n’umukene;
mubakure mu maboko y’umunyakibi.
5 Ibigirwamana nta co bizi, nta co bitahura.
Bigendagenda mu mwiza;
amatanguriro y’isi yose aranyiganyize.
6 Naravuze nti: ‘Muri imana’
mwese muri abana b’Iyisumbavyose.
7 Ariko muzopfa nk’abantu buntu;
muzogwa nk’uko abandi batware bose bagwa."
8 Va hasi, ewe Mana, ucire urubanza isi,
kuko amahanga yose ari umugabane wawe.