1 Ngirira imbabazi, ewe Mana
kubera urukundo rwawe rudashira;
kubera impuhwe zawe nyinshi
nufute ibigabitanyo vyanje.
2 Nyoza ukugabitanya kwanje kwose
unyoze icaha canje.
3 Kuko ndazi ibigabitanyo vyanje,
kandi icaha canje cama imbere yanje
4 Nacumuye kuri wewe, wewe wenyene,
nakoze ibibi mu nyonga hawe;
ari na co gituma uvuga ukuri mu manza uca
kandi ata co ugawa iyo uciye urubanza.
5 Ni ukuri navukiye mu vyaha,
ndi umunyavyaha kuva mama akinsama inda.
6 Ariko washatse ko mba umwizigirwa n’igihe nari mu nda;
wanyigishije ubwenge nkiri aho hantu hihishije.
7 Unyogeshe ezobu, nanje ndahumanuka;
unyoze, nanje ndera derere kurusha shelegi.
8 Umpe kwumva umunezero n’agahimbare;
amagufa wavunaguye anezerwe.
9 Hisha inyonga zawe ivyaha vyanje
uhanagure ukugabitanya kwanje.
10 Ureme muri jewe umutima utunganye, ewe Mana,
umpe umutima ushikamye.
11 Ntunyirukane mu nyonga hawe
canke ngo unkureko Mpwemu Yera wawe.
12 Nsubiza umunezero w’agakiza kawe
umpe umutima ufise ishaka ryo kukwumvira.
13 Ni ho nzokwigisha inzira zawe abagucumurako,
kugira ngo abanyavyaha baguhindukirire.
14 Mbohora unkureko urubanza rw’amaraso, ewe Mana,
wewe Mana Mukiza wanje,
maze ururimi rwanje ruzoririmba ivyo kugororoka kwawe.
15 Ugurura iminwa yanje, ewe Mana,
maze akanwa kanje kazokwamamaza ishimwe ryawe.
16 Ntuhimbarwa n’ibimazi, iyo biba gutyo mba ndabikuzaniye,
amashikanwa aturiwe si yo unezerererwa.
17 Ikimazi ngushikaniye, Mana, ni umutima umenetse;
umutima umenetse kandi ujanjaguritse
wewe, Mana, ntuzowukengera.
18 Nibiguhimbare ugirire neza Siyoni,
wubake inzitiro z’i Yerusalemu.
19 Ni ho uzonezerererwa ibimazi vyo kugororoka,
amashikanwa aturiwe atagabanije;
n’amapfizi azotangwa ku gicaniro cawe.