Publicidade

Salmos 124

Ni indirimbo yo mw’iduga. Ni iya Dawidi.

1 Iyo Uhoraho ataba mu ruhande rwacu;

Abisirayeli nibavuge batyo;

2 iyo Uhoraho ataba mu ruhande rwacu

igihe abantu badutera,

3 baba baratumize miyonzwa tukibona

aho uburake bwabo bwatuziriringira,

4 isuri iba yaraturengeye,

imipfunda iba yaraturenzeko,

5 amazi asuriranya

aba yaradutembanye.

6 Uhoraho ahimbazwe,

ataturetse ngo dutabagurwe n’amenyo yabo.

7 Ducitse mu mutego nk’inyoni

tuvuye mu mutego w’umutezi;

umutego uracitse,

natwe tuwuvuyemwo turakira.

8 Ugutabarwa kwacu kuri mw’izina ry’Uhoraho,

Umuremyi w’ijuru n’isi.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-