1 Uhoraho araganje, isi nihimbarwe;
ibizinga vya kure nibihimbarwe.
2 Ibicu n’umwijima w’umuzitanya biramukikije;
ubugororotsi n’uguca imanza zibereye ni vyo tanguriro ry’ingoma yiwe.
3 Umuriro ugendera imbere yiwe
maze ugatongora abansi biwe impande zose.
4 Umuravyo wiwe umurikira isi;
isi irabibona maze igahinda agashitsi.
5 Imisozi ishonga nk’ishashara imbere y’Uhoraho
imbere y’umwami w’isi yose.
6 Amajuru yamamaza ukugororoka kwiwe,
kandi amoko yose arabona ubwiza bwiwe.
7 Abasenga ibishushayo bazomaramara,
abishimira ibigirwamana;
nimumwunamire, yemwe bigirwamana mwese!
8 Siyoni haravyumva maze hakanezerwa
n’imihana y’i Buyuda igahimbarwa
kubera guca amateka kwawe.
9 Kuko wewe, Uhoraho, uri Iyisumbavyose kw’isi yose;
ushizwe hejuru cane kuruta ibigirwamana vyose.
10 Abakunda Uhoraho nibanke ibibi,
kuko azigama ubugingo bw’abantu biwe
akabakiza akabakura mu maboko y’abanyakibi.
11 Umuco ukayanganira umugororotsi
n’umunezero ugakayanganira uwutunganye mu mutima.
12 Nimunezererwe Uhoraho, yemwe bagororotsi,
muhimbaze izina ryiwe ryera.