Publicidade

Salmos 43

1 Ncira urubanza runkiza, ewe Mana yanje,

uburane urubanza rwanje

mfitaniye n’ihanga ritizigirwa.

Ntabara unkize abo bantu,

buzuye ubugunge n’ikibi.

2 Uri Imana, igihome kinkingira.

Ni igiki kikumpebesheje?

Ni igiki gituma mbayeho ngandaye,

mpahazwa n’umwansi?

3 Ndungikira umuco wawe n’ukugira neza kwawe,

bibe ari vyo bindongora;

binshikane ku musozi wawe wera,

aho uba.

4 Maze nzoja ku gicaniro c’Imana,

ku Mana, yo munezero wanje n’ibihimbaro vyanje.

Nzoguhimbarisha ikembe,

ewe Mana, Mana yanje.

5 Mutima wanje, ni igiki gitumye wicurikira?

Ni igiki gitumye umpagararamwo?

Niwizigire Imana,

kuko nzosubira kuyihimbaza,

yo mukiza wanje n’Imana yanje.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-