1 Hahiriwe umuntu
adakurikiza impanuro z’abanyakibi,
ntahagarare mu nzira y’abanyavyaha,
canke ngo yicarane n’abacokoranyi,
2 ahubwo agahimbarwa n’Ivyagezwe vy’Uhoraho,
akaba ari vyo ashirako umutima ku murango no mw’ijoro.
3 Ameze nk’igiti catewe i ruhande y’imigezi y’amazi,
kikama mu gihe caco,
kandi amababi yaco ntiyuma.
Ico akoze cose kiratera imbere.
4 Ariko abanyakibi si ko bameze!
Bo bameze nk’umuguruka
utumurwa n’umuyaga.
5 Ni co gituma abanyakibi batazohagarara ku musi w’urubanza,
canke abanyavyaha mw’ikoraniro ry’abagororotsi.
6 Kuko Uhoraho arinda inzira y’abagororotsi,
ariko inzira y’abanyakibi ijana mu mahonero.