1 Igisha umwami guca imanza zibereye, ewe Mana,
igisha umwana w’umwami ivyo kugororoka kwawe.
2 Ese yocira imanza abantu bawe mu bugororotsi,
abanyamibabaro bo mu bantu bawe akabatunganiriza.
3 Ese imisozi yozanira abantu bawe iterambere,
n’udutumba tukazana ivyamwa vyo kugororoka.
4 Ese yogwanirira abanyamibabaro bo mu bantu
agakiza abana b’umukene;
akamara inkomezi umunyagahahazo.
5 Ese yohoraho igihe cose izuba rizoba rikiriho,
igihe cose ukwezi kuzoba kukiriho uko urunganwe ruzogenda rukurakuranwa.
6 Ese yomera nk’imvura igwa kw’isi yumye,
nk’imvura itosa isi.
7 Mu misi yiwe, ese abagororotsi boshurika
n’iterambere rikagwira gushika ukwezi kutakiriho.
8 Ese yoganza kuva ku kiyaga gushika ku kindi
no kuva ku ruzi Efurate gushika ku mpera z’isi.
9 Ese amoko aba mu bugaragwa yomwunamira
abansi biwe bakarigata umukungugu.
10 Ese abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vya kure
bomuzanira ivyo gusaba impore.
Ese abami b’i Sheba n’i Seba
bomuzanira ingabire.
11 Ese abami bose bomwunamira
kandi amahanga yose amukorera.
12 Kuko azokiza umukene amutakambiye,
n’umunyamibabaro atagira gitabara.
13 Azogirira akagongwe umukene n’umunyantegenke
akize umukene amukure mu rupfu.
14 Azobatabara abakure mu gahahazo no mu muryano,
kuko amaraso yabo ari ay’igiciro mu nyonga ziwe.
15 Arakaramba!
Ahabwe inzahabu z’i Sheba.
Abantu bame bamusengera
bamuhezagira burinde bwira.
16 Ese ingano zogwira mu gihugu cose;
umuyange wazo ugahungabana ku dutwe tw’imisozi.
Ese ibiti vy’ivyamwa vyoshurika nk’i Libani
n’abantu mu bisagara bagatotahara nk’ivyatsi ku misozi.
17 Ese izina ryiwe ryokwamaho ibihe bidashira;
rikamaho izuba rikiriho.
Maze amahanga yose agahererwa umugisha muri we,
kandi bazomwita uwahawe umugisha.
18 Nihashimwe Uhoraho Imana, Imana ya Isirayeli,
ni we wenyene akora ibitangaza.
19 Nihashimwe izina ryiwe ry’icubahiro ibihe bidashira;
ese isi yose yokwuzura icubahiro ciwe.
Amen kandi Amen.
20 Aya ni yo majambo arangiza amasengesho ya Dawidi mwene Isayi.