Publicidade

Salmos 7

Ni Shigayoni rishobora kuba risigura ubwoko bw’icese canke bw’umudiho. ya Dawidi, iyo yaririmbiye Uhoraho yerekeye Kushi, Umubenyamini.

1 Uhoraho Mana yanje, muri wewe ni ho mpungiye;

untabare kandi unkize abampiga bose,

2 kugira ngo ntibantabagure nk’intambwe

ngo bampimbaguremwo ibihimba ata wo kuntabara.

3 Uhoraho Mana yanje, ninaba narakoze ivyo bavuga,

hakaba hari icagira amaboko yanje;

4 ninaba nishuye ikibi umugenzi yankoreye iciza,

canke naranyaze umwansi wanje ata nyanduruko,

5 umwansi wanje nampige maze anshikire;

umureke ahonyangire ubugingo bwanje hasi,

maze aryamike icubahiro canje mu mukungungu.

6 Haguruka mu burake bwawe, ewe Uhoraho,

ugwanye ubushangashirwe bw’abansi banje.

Ikangure Mana yanje, uce urubanza.

7 Amahanga yose nagukikuze,

maze uyaganze uvyagiye mw’ijuru.

8 Uhoraho, cira urubanza amahanga.

Mburanira ewe Uhoraho, nk’uko ukugororoka kwanje kuri,

nk’uko ubwizigirwa bwanje buri, ewe Iyisumbavyose.

9 Herengeteza ububi bw’umunyakibi,

utabare umugororotsi;

wewe Mana igororotse,

wewe usuzuma ivyiyumviro n’imitima.

10 Imana Musumbavyose ni yo nkinzo yanje,

ni yo ikiza imitima igororotse.

11 Imana ni umucamanza agororotse,

Imana yama yerekana uburake bwayo.

12 Umuntu natihana,

Imana izokarisha inkota yayo;

izofora umuheto wayo.

13 Yateguye ibigwanisho vyayo vyica

yegeranije imyampi yayo yaka umuriro.

14 Uwutwaye inda y’ikibi

yibungenga ivyago, akavyara ikinyoma.

15 Uwimba ikinogo akakigira kirekire,

ni we nyene akigwamwo.

16 Ivyago atera bimugarukako,

kandi ububisha ategura bugwa ku mutwe wiwe.

17 Nzoha ishimwe Uhoraho ku bw’ukugororoka kwiwe,

nzotazira izina ry’Uhoraho Musumbavyose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-