Publicidade

Salmos 59

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iri mw’ijwi ryitwa "Ntuhonye." Ni mikitamu. Ni igihe Sawuli yari yarungitse ingabo ngo babunde ku nzu ya Dawidi kugira ngo bamwice.

1 Nkiza abansi banje, Mana;

mbera igihome kinkingira abaje kuntera.

2 Nkiza inkozi z’ikibi

ukize ubugingo bwanje abarondera gusesa amaraso yanje.

3 Raba uburyo bambundiye!

Abantu b’ibirara bangira inama mbi

kandi ata gicumuro canke icaha nakoze, Uhoraho.

4 Nta kibi nakoze, ariko raba baje kuntera.

Va hasi untabare; raba ibiriko biraba!

5 Yewe Uhoraho Mana Mushoboravyose,

wewe Mana ya Isirayeli,

banguka uhane amahanga yose;

ntugirire impuhwe izo nkozi z’ikibi.

6 Bagaruka bugorovye,

bakuga nk’imbwa,

bakazunguruka igisagara.

7 Raba ibiva mu kanwa kabo;

amajambo ava mu minwa yabo ikarishe nk’inkota,

maze bakiyumvira bati: "Ni nde atwumva?"

8 Ariko uzobatwengera mw’ijigo, Uhoraho;

uzokankamira ayo mahanga yose.

9 Ni wewe nkomezi zanje, ni wewe niteze;

wewe, Mana, ni wewe gihome kinkingira,

10 Imana yanje nizigira.

Imana izonja imbere

izompa kwibonera uburyo abansi banje baneshwa.

11 Ariko ntubice, ewe Mana, wewe nkinzo yacu,

kugira ngo ihanga ryanje ntiryibagire.

Mu nkomezi zawe, barandurane n’imizi

maze ubatsinde hasi.

12 Kubera ivyaha vy’akanwa kabo,

kubera amajambo y’iminwa yabo,

nibafatwe mu bwibone bwabo.

Kubera ibitutsi n’ibinyoma bateguye,

13 batongoze uburake bwawe,

ubatongore ntibabe bakiboneka.

Ni ho bizomenyekana gushika ku mpera z’isi

ko Imana iganje mu ba Yakobo.

14 Bagaruka bugorovye,

bakuga nk’imbwa,

bakazunguruka igisagara.

15 Bahunahuna barondera ico borya

bakaboroga iyo badahaze.

16 Ariko jewe nzoririmba ivy’inkomezi zawe,

mu gitondo nzoririmba ivy’urukundo rwawe;

kuko uri igihome kinkingira,

ubuhungiro bwanje mu gihe c’amagorwa.

17 Ni wewe nkomezi zanje, ndakuririmbira ishimwe;

Mana, wewe uri igihome kinkingira,

Imana yanje nizigira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-