Publicidade

Salmos 66

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Ni indirimbo kandi ni Zaburi.

1 Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Imana impundu!

2 Muririmbe muhayagiza ubwiza bw’izina ryiwe;

mumuririmbire ishimwe.

3 Mubwire Imana muti: "Ese ukuntu ibikorwa vyawe biteye ubwoba!

Ubushobozi bwawe ni bwinshi

butuma abansi bawe bakwunamira.

4 Isi yose irakwunamira;

bakuririmbira ishimwe,

bahimbaza izina ryawe."

5 Nimuze murabe ivyo Imana yakoze,

ibihambaye yakoreye abana b’abantu!

6 Ikiyaga yagihinduye isi humye,

baciye mu kiyaga n’amaguru;

nimuze tunezererwe muri we.

7 Aganza ibihe bidashira mu nkomezi ziwe,

inyonga ziwe zihora ku mahanga;

ntihagire abagarariji bahagurukira kumugwanya.

8 Yemwe moko mwese, nimuhimbaze Imana yacu,

ijwi ryo kumuhimbaza nirisamirane;

9 yazigamye ubugingo bwacu

yarinze ibirenge vyacu kunyerera.

10 Kuko wewe, Mana, wadusuzumye;

waducishije mu ruganda nk’ifeza.

11 Wadushize mw’ibohero

uduhekereza imitwaro ku migongo yacu.

12 Waretse abantu ngo batugendereko;

twaciye mu muriro no mu mazi,

ariko wadushikanye ahantu h’umusesekara.

13 Nzoza mu Ngoro yawe nzanye ibimazi vyo guturirwa n’umuriro,

kugira ngo nshitse ivyo nagusezeraniye;

14 amasezerano nasezeranishije akanwa kanje iminwa yanje ikabivuga

ca gihe nari mu vyago.

15 Nzogushikanira ibinuze

n’ikimazi c’impfizi z’intama;

nzoshikana impfizi n’impene.

16 Nimuze mwumvirize, yemwe abubaha Imana mwese;

reka ndababwire ivyo yankoreye.

17 Narayitakambiye n’akanwa kanje;

ishimwe ryayo ryari ku rurimi rwanje.

18 Iyo mba narahaye indaro icaha mu mutima wanje,

Imana ntiba yaranyumvirije.

19 Ariko ni ukuri Imana yarumvirije

maze yumva ugusenga kwanje.

20 Imana ishimwe,

itirengagije ugusenga kwanje

canke ngo inkureko urukundo rwayo!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-