Publicidade

Salmos 69

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa "Ikirungu." Ni iya Dawidi.

1 Mana, nkiza,

kuko amazi yaduze angeze mw’izosi.

2 Ndiko ndanyika mu kinogo cuzuye ivyondo,

ata kinsama.

Nshitse mw’idamba ry’amazi;

imipfunda irantembanye.

3 Intege ziramperanye kubera gutabaza;

umuhogo wanje urumye.

Amaso yanje arenze i mutwe,

mu kurindira Imana yanje.

4 Abanyanka ata nyanduruko

baruta umushatsi wo ku mutwe wanje;

benshi banyanka ata nyanduruko,

kandi bashaka kunyica.

Nategetswe kuriha

ivyo ntivye.

5 Mana, wewe urazi ubupfu bwanje;

ukugabitanya kwanje ntiguhishijwe mu nyonga zawe.

6 Uhoraho, Uhoraho Mushoboravyose,

abakwizigira

ntibamaramare kubera jewe.

Mana ya Isirayeli,

icompa abakurondera

ntibamaramare kubera jewe.

7 Kuko ncokorwa ku bwawe,

kandi ibimaramare vyuzuye mu maso yanje.

8 Nabaye umunyamahanga mu muryango wanje,

injabuka mu bana ba mama;

9 kuko ishaka mfitiye inzu yawe ryaka muri jewe nk’umuriro,

kandi ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe.

10 Iyo nisonzesheje nkarira,

bituma ncokorwa;

11 iyo nambaye amagunira,

mba ndabihaye ngo bitwengere.

12 Abicara kw’irembo barantwenga,

kandi ndi indirimbo y’imborerwa.

13 Ariko ni wewe nsenga, Uhoraho,

mu gihe co kwemererwamwo nawe;

mu rukundo rwawe rudashira, ewe Mana,

unyishurishe agakiza kawe k’ukuri.

14 Ntabara unkure mu vyondo,

ntundeke ngo nyike;

nkiza abanyanka,

unkure mw’ibenga

15 ntureke ngo imipfunda indengere

canke ngo idamba rimire miyonzwa

canke ngo icobo kimire nkibona.

16 Nyishura, Uhoraho, ku bwo kugira neza kw’urukundo rwawe;

mu rukundo rwawe rwinshi unyibuke.

17 Ntuhishe inyonga zawe umusavyi wawe;

unyishure vuba, kuko ndi mu magorwa.

18 Nuze hano untabare;

untabare ku bwo abampiga.

19 Urazi uburyo ncokorwa, ngateterezwa kandi nkamaramazwa;

abansi banje bose bari imbere yawe.

20 Ugucokorwa kwavunye umutima wanje

kandi kwansize ntagira gitabara;

narondeye uwombabara, ariko nta n’umwe nabonye,

narondeye abandemesha, ariko sinaronse n’umwe.

21 Basize ishano mu ndya zanje

kandi bampaye inkarisha igihe nari nyotewe.

22 Ese imeza bashizwe imbere zobabera umutego;

n’ubutunzi bwabo bukababera ikinogo co kugwamwo.

23 Reka amaso yabo ahume ntibashobore kubona,

n’imigongo yabo yame ihetamye ibihe vyose.

24 Uburake bwawe nibubaziriringire;

uburake bwawe bw’inkazi nibubashikeko.

25 Aho bahora nihasigare ari umusaka;

ntihagire n’umwe aba mu mahema yabo.

26 Kuko bababaje abo wewe wakomerekeje

bongereza umubabaro ku bo wababaje.

27 Bacire urubanza ku bibi vyose bakoze;

ntibagire ico baronka kivuye ku kugororoka kawe.

28 Bahanagurwe mu gitabu c’ubugingo

ntibashirwe mu gitigiri c’abagororotsi.

29 Ariko jeho, umugorwa ndi mu marushwa;

agakiza kawe, ewe Mana kankingire.

30 Nzohimbaza izina ry’Imana mu ndirimbo

ndamuhe icubahiro mu mashimwe.

31 Ivyo bizohimbara Uhoraho kurusha ishuri,

kurusha impfizi n’amahembe yayo n’ibinono vyayo.

32 Abakene bazobibona banezerwe;

yemwe abarondera Imana, imitima yanyu nireme!

33 Uhoraho yumva abakene

kandi ntakengera abantu biwe babaye inyagano.

34 Ijuru n’isi nibimuhimbaze,

n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose,

35 kuko Imana izokiza Siyoni

kandi izosubira kwubaka ibisagara vy’i Buyuda.

Maze abantu bazosubira kuhaba habegukire;

36 abana b’abasavyi bayo bazohegukira,

kandi abakunda izina ryayo bazohaba.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-