1 Ni kuki wirata ikibi, wa muhizi w’inkomezi?
Ni kuki wirata bukarinda bwira,
wa gatetereza mu nyonga z’Imana?
2 Wewe ukora ivy’ubugunge,
ururimi rwawe ruja inama yo kwica;
rumeze nk’urwembe rwakarihijwe.
3 Ukunda ikibi kukirutisha iciza,
ibinyoma ukabirutisha ukuvuga ukuri.
4 Ukunda ijambo ryose ryo kwonona,
ewe wa rurimi rw’ingunge!
5 Ni ukuri Imana izogushitsako uguhona kw’ibihe bidashira:
izoguhonyanga igukwege igukure mw’ihema ryawe;
izokurandura igukure mw’isi y’abazima.
6 Abagororotsi bazobiraba batinye;
bazogutwenga, bavuge bati:
7 "Ehe wa muntu
atigeze agira Imana ubuhungiro
ariko yishimiye ubutunzi bwiwe bwinshi
agashirwa hejuru n’uko yishe abandi!"
8 Ariko jeho ndi nk’igiti c’umwelayo
gishurikira mu nzu y’Imana;
nzokwizigira urukundo rw’Imana rudashira
ibihe vyose.
9 Nzokwama ndagushimira ivyo wakoze
ndi mu bizigirwa bawe.
Kandi nzokwizigira izina ryawe,
kuko izina ryawe ari ryiza.