Publicidade

Salmos 123

Ni indirimbo yo mw’iduga.

1 Ndunamurira amaso kuri wewe,

wewe uvyagiye mw’ijuru.

2 Nk’uko abasavyi bahanga amaso ukuboko kwa shebuja,

nk’uko abasavyikazi bahanga ukuboko ba inabuja,

uko ni ko amaso yacu tuyahanze Uhoraho Imana yacu,

kugeza aho azotugirira imbabazi.

3 Tugirire akagongwe, Uhoraho, tugirire akagongwe,

kuko twakengererwe igihe kirekire.

4 Twacokowe igihe kirekire

n’agacokoro k’abibone,

twakengerewe n’abanyamanyama.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-