Publicidade

Salmos 57

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Mw’ijwi ryitwa "Ntuhonye." Ni mikitani ya Dawidi. Aho yari aheje guhunga Sawuli akaja mw’isenga.

1 Ngirira akagongwe, Mana yanje, ngirira akagongwe,

kuko muri wewe ari ho mpungiye.

Nzohungira mu gitutu c’amababa yawe

kugeza icago kirenganye.

2 Ndatakambira Imana Musumbavyose,

Imana izoshitsa imigambi yayo myiza kuri jewe.

3 Izondungikira ugutabarwa kuva mw’ijuru maze inkize,

ineshe abampigana ishavu;

Imana izorungika urukundo rwayo n’ukwizigirwa kwayo.

4 Ndi hagati y’intambwe;

hagati y’ibikoko vy’inkazi;

abantu bafise amenyo ameze nk’amacumu n’imyampi,

indimi zabo zikamera nk’inkota zikarishe.

5 Nushirwe hejuru, ewe Mana, hejuru y’amajuru;

icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.

6 Bateze umutego mu nzira ncamwo;

nciwe intege n’akabonge.

Banyimbiye icobo mu nzira yanje;

ariko ni bo bakiguyemwo ubwabo.

7 Umutima wanje urashikamye, ewe Mana,

umutima wanje urashikamye;

nzoririmba ncurarange.

8 Mutima wanje, niwikangure!

Ewe nanga nawe kembe, nimwikangure!

Nzovyura umutwenzi.

9 Ewe Mana, nzoguhimbaza mu moko menshi;

nzokuririmba ndi mu mahanga.

10 Kuko urukundo rwawe ari rwinshi, rushika no mu majuru;

ubwizigirwa bwawe bushika no mu birere.

11 Nushirwe hejuru, Ewe Mana, hejuru y’amajuru;

icubahiro cawe gikwire kw’isi yose.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-