Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Bavugira inanga. Ni iya Dawidi.
1 Niwumve ukurira kwanje;
umva ugusenga kwanje.
2 Ndagutakambira ndi ku mpera z’isi,
ndagutabaza kuko umutima wanje unkabiraniyemwo;
undongorere ku gitandara kirekire kinsumba.
3 Wamye uri ubuhungiro bwanje,
umunara ukomeye unkingira abansi.
4 Ndipfuza kuba mw’ihema ryawe ibihe vyose
ngahungira mu bwihisho bw’amababa yawe.
5 Kuko wewe, Mana, wumvise ivyo narahiye;
wampaye umugabane w’abubaha izina ryawe.
6 Gwiza imisi yo kubaho kw’umwami,
imyaka yiwe uko urunganwe rukurikirana n’urundi.
7 Niyimikirwe mu nyonga z’Imana ibihe vyose;
utume urukundo rwawe n’ubwizigirwa bwawe ngo bimuzigame.
8 Maze nanje nzoririmba ishimwe ry’izina ryawe
nshitse n’ivyo narahiye umusi ku wundi.