1 Haleluya.
Nimuhimbarize Uhoraho iyo mw’ijuru;
mumuhimbarize ahasumba amajuru.
2 Mumuhimbaze, yemwe bamarayika biwe;
mumuhimbaze, namwe nyenyeri zo kw’ijuru.
3 Nimumuhimbaze, zuba n’ukwezi;
mumuhimbaze yemwe nyenyeri zaka mwese.
4 Nimumuhimbaze, yemwe majuru asumba ayandi
namwe mazi yo hejuru.
5 Abo nibahimbaze izina ry’Uhoraho,
kuko yategetse bikabaho,
6 kandi yabishingiye aho kuba ibihe bidashira;
yashinze itegeko ritazokwigera rivaho.
7 Nimuhimbaze Uhoraho mw’isi,
yemwe vyaremwe bininibinini vyo mu kiyaga namwe madamba y’ibiyaga,
8 miravyo, rubura, shelegi namwe bicu,
mwa bihuhusi mwumvira itegeko ryiwe,
9 yemwe misozi n’uturambi twose,
biti vyama n’amasederi yose,
10 bikoko vyo mw’ishamba n’amasho yose,
ivyaremwe bitobito n’inyoni zo mu kirere,
11 bami bo kw’isi n’amahanga yose,
yemwe baganwa n’abatware bose bo kw’isi,
12 yemwe basore n’inkumi,
batama namwe bana.
13 Abo nibahimbaze izina ry’Uhoraho,
kuko izina ryiwe ryo nyene ari ryo rishizwe hejuru;
icubahiro ciwe kiri hejuru y’isi n’ijuru.
14 Kandi yahagurukirije ihembe abantu biwe,
ishimwe ry’abasavyi biwe bose bizigirwa,
rya Isirayeli, ihanga riri ku mutima wiwe.
Haleluya.