Publicidade

Salmos 55

Yahawe umukuru w’abaririmvyi baririmbisha inanga. Ni masikili ya Dawidi.

1 Niwumve ugusenga kwanje, Mana,

ntiwirengagize ugutakamba kwanje;

2 Nunyumve kandi unyishure.

Ivyiyumviro vyo muri jewe bimbujije amahoro kandi ncitse intege

3 kubera ivyo umwansi wanje avuga,

kubera ibiteye ubwoba vy’umunyakibi;

kuko banteje amarushwa

bakaza kuntera buzuye uburake.

4 Umutima wanje ubuze uburagamo;

ibiteye ubwoba vy’urupfu vyanyubikijeko.

5 Ubwoba no guhinda agashitsi bintaye hagati;

nishwe n’ubwoba.

6 Naravuze nti: "Iyo mba nari mfise amababa y’akanuma Kolombe!

Nogurutse nkaja aho kuruhukira.

7 Nohungiye kure

nkigumira mu bugaragwa;

8 Nokwirukiye mu buhungiro bwanje,

kure y’isegenya n’igihuhusi."

9 Ewe Mana, maramaza abanyakibi, amajambo yabo anyurane,

kuko mbona umuryano n’intambara mu gisagara.

10 Ku murango no mw’ijoro bazunguruka ku nzitiro zaco;

ivyago n’amarushwa biri hagati muri co.

11 Mu gisagara baricana;

ivyago n’amarushwa vyahatse indaro.

12 Iyo aba ari umwansi ariko arantuka,

nari kuvyihanganira;

iyo yari kuba ari umwansi wanje ampagurukiye kungwanya,

nari kwinyegeza.

13 Ariko ni wewe, umuntu nkanje,

uwo twagendana, umugenzi wanje wo hafi,

14 uwo twahora dusangira akabisi n’agahiye

turi mu nzu y’Imana,

uwo twagendana

turi hagati y’abasenzi.

15 Urupfu nirushike giturumbuka ku bansi banje;

bagende bakiri bazima iwabo w’abapfuye,

kuko bahaye indaro ikibi muri bo.

16 Ariko jeho, nambaza Imana,

maze Uhoraho akankiza.

17 Ku mugoroba, mu gitondo no ku murango

ntakambana agahinda,

na we akumva ijwi ryanje.

18 Arantabara akantahana amahoro

ankuye mu ntambara y’abanteye,

naho abangwanya bakiri benshi.

19 Imana, iri ku ntebe y’inganji uhereye kera hose,

ni Imana idahindagurika;

izobumva maze ibacishe bugufi,

kuko badatinya Imana.

20 Uwahora ari umugenzi wanje ahiga abagenzi biwe;

yishe isezerano.

21 Amajambo yiwe yoroshe nk’amavuta,

ariko mu mutima wiwe hari intambara;

amajambo yiwe mbere yoroshe kurusha amavuta,

ariko ni nk’inkota zakuwe mu rwubati.

22 Uremeke imitwaro yawe Uhoraho

na we azogushigikira;

ntazokwigera areka

umugororotsi ngo anyiganyizwe.

23 Ariko wewe Mana, uzotsinda hasi abanyakibi

mu cobo co kubora;

abasesa amaraso n’ingunge

ntibazomara igice c’ubuzima bwabo.

Ariko jeho, nzokwizigira.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-