Publicidade

Salmos 8

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Iririmbwa mu mudiho witwa gitite. Ni Zaburi ya Dawidi.

1 Uhoraho Mana yacu,

ese ingene izina ryawe ari iry’icubahiro mw’isi yose!

Washize icubahiro cawe

hejuru y’amajuru.

2 Mu kanwa k’abana bato n’inzoya

ni ho washinze igihome gikinga abansi bawe,

ngo uzibe akanwa k’abansi bakugwanya.

3 Iyo niyumviriye ku majuru yawe,

igikorwa c’intoke zawe,

ukwezi n’inyenyeri,

ivyo wewe washizeho,

4 mbega umuntu ni iki kugira ngo umwibuke,

canke umwana w’umuntu ni iki kugira ngo umwiteho?

5 Habuze gato ngo umunganye n’abamarayika;

kandi wamwambitse ubwiza n’icubahiro.

6 Wamugize uwo kuganza ibikorwa vy’amaboko yawe;

washize vyose musi y’ububasha bwiwe:

7 imikuku yose n’amasho,

n’ibikoko vyo mw’ishamba,

8 inyoni zo mu kirere,

n’amafi yo mu kiyaga,

ibigendera mu mazi yo mu biyaga vyose.

9 Uhoraho, Mana yacu,

ese ingene izina ryawe rihambaye mw’isi yose!

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-15_21-32-39-