1 Mana, amahanga yateye mu mugabane wawe;
bahumanije Ingoro yawe yera,
Yerusalemu bahahinduye umusaka.
2 Imivyimba y’abasavyi bawe
bayigaburiye ibisiga vyo mu kirere,
inyama z’abantu bawe bazigaburiye ibikoko vyo mw’ishamba.
3 Basheshe amaraso nk’amazi
hirya no hino i Yerusalemu,
kandi nta muntu asigaye wo guhamba abapfuye.
4 Ku babanyi bacu twahindutse akamenyo,
turacokorwa tugatukwa n’abadukikije.
5 Uzogeza ryari, ewe Uhoraho? Uzokwama uturakiye ibihe vyose?
Uburake bwawe buzotuziriringira kugeza ryari?
6 Suka uburake bwawe kuri ayo mahanga
atakwemera,
kuri ubwo bwami
butambaza izina ryawe;
7 Kuko batsontsomeye Yakobo
bagasambura igihugu ciwe.
8 Ntuduharureko ivyaha vya ba sogokuruza;
imbabazi zawe nizize zinyaruka aho turi,
kuko dukeneye gutabarwa.
9 Dufashe, Mana mukiza wacu,
ku bw’icubahiro c’izina ryawe;
dukize uduharire n’ivyaha vyacu
ku bwo’izina ryawe.
10 Ni kuki amahanga yobaza ati:
"Imana yabo iri hehe?"
Imbere y’amaso yacu, menyekanisha mu mahanga
ko uhora amaraso y’abasavyi bawe yasesetse.
11 Amaborogo y’imbohe nashike imbere yawe;
ukirishe ukuboko kwawe kw’inkomezi abagerewe gupfa.
12 Usubirize mu nkoko abadukikije incuro indwi
agacokoro bagucokoye, ewe Mana.
13 Maze twebwe abantu bawe, intama zo mu buragiro bwawe,
tuzoguhimbaza ibihe bidashira;
uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi
tuzokwamamaza ishimwe ryawe.