Publicidade

Salmos 127

Ni indirimbo yo mw’iduga. Ni iya Salomo.

1 Iyo Uhoraho atari we yubaka inzu,

abubatsi baba baruhira ubusa.

Iyo Uhoraho atari we arinze igisagara,

abararirizi babera maso ubusa.

2 Muvyukira kare ubusa

mukaryama mutevye,

mucumukura ngo muronke ivyokurya;

kuko abo ikunda ibibahera mw’itiro.

3 Abana ni umugabane uva k’Uhoraho,

uruvyaro ni impera atanga.

4 Nk’uko imyampi imera mu kuboko kw’umuhizi

ni ko n’abana bo mu buto bamera.

5 Hahiriwe umuntu

yujuje umutana wiwe imyampi nk’iyo.

Ntibazomaramara

nibahangana n’abababuranya mu bucamanza.

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_06-50-08-