Publicidade

Salmos 87

Ni iya bene Kora. Ni Zaburi, kandi ni indirimbo.

1 Yashinze igisagara ciwe ku musozi wera.

2 Uhoraho akunda amarembo y’i Siyoni

kurusha ibindi bisagara vyose vy’aba Yakobo.

3 Hari ivyiza vyavuzwe kuri wewe,

ewe gisagara c’Imana:

4 "Nzokwandika Egiputa na Babiloni

mu gitigiri c’abanyemera;

no mu Bafilisitiya naho nyene, n’i Tiro, hamwe na Kushi;

maze nzovuga nti: ‘Uwu yavukiye muri Siyoni.’ "

5 Ni ivy’ukuri, bizovugwa kuri Siyoni ngo:

"Uwu n’urya bose bavukiye ngaha,

kandi Iyisumbavyose ubwayo ni yo izohubaka ihakomeze."

6 Uhoraho azokwandika ku gitabu c’amoko ati:

"Uwu yavukiye i Siyoni."

7 Uko bazocuraranga bazoririmba bati:

"Amasoko yanje yose ari muri wewe."

Veja também

Publicidade
Bíblia Online Bíblia Online

Bíblia Online • Versão: 2026-06-16_18-40-07-