1 Turaguhimbaza, Mana,
turaguhimbaza, kuko Izina ryawe riri hafi yacu;
ahantu hose abantu baganira ibitangaza wakoze.
2 Uravuga ngo: "Mu gihe nzoba nashinze,
nzoca imanza mu bugororotsi.
3 Igihe isi izohinda agashitsi n’abari kuri yo,
ni jewe nzofata inkingi zayo ndazikomeze.
4 Ku bibone ndavuga nti: ‘Ntimukirate,’
n’abanyakibi nti: ‘Ntimukaduze amahembe yanyu.
5 Ntimukaduze amahembe yanyu mw’ijuru;
ntimuvuge amajambo y’ubwibone.’ "
6 Nta n’umwe wo mu buseruko canke mu burengero,
canke ava mu bugaragwa yoshobora kwishira hejuru.
7 Imana ni yo ica imanza:
icisha bugufi umwe, igashira hejuru uwundi.
8 Mu kuboko kw’Uhoraho hari igikombe
cuzuye umuvinyu ubiragira uturiranije;
arawusuka, maze abanyakibi bose bo kw’isi
bakawiranguza gushika no ku mvuzo.
9 Ariko jeho, nzokwamamaza ibi bintu ibihe bidashira;
nzoririmbira ishimwe ry’Imana ya Yakobo,
10 ni yo ivuga iti: "Nzovunagura amahembe y’abanyakibi bose,
ariko amahembe y’abagororotsi azoshirwa hejuru."