1 Haleluya.
Nimushime Uhoraho kuko ari mwiza;
kuko urukundo rwiwe rwamaho ibihe bidashira.
2 Ni nde ashobora kumenyekanisha ivyo Uhoraho yakoze
canke ngo amuhimbaze nk’uko bikwiye?
3 Hahiriwe abakora ibitunganye,
bakama bakora ibigororotse.
4 Ewe Uhoraho, uranyibuka niwagirira imbabazi abantu bawe,
uze untabare niwabakiza,
5 kugira ngo nezererwe amahirwe y’abo watoranije.
Kugira ngo nsangire umunezero n’ihanga ryawe
nifatanye n’ishamvu yawe mu kugutazira.
6 Twaracumuye, nk’uko ba sogokuruza bakoze;
twakoze ibitabereye dukora ibibi.
7 Igihe ba sogokuruza bari muri Egiputa,
ntibamenye ibitangaza wakoze;
ntibibutse ivy’ukugira neza kwawe kwinshi,
maze baragarariza bari ku kiyaga, Ikiyaga Gitukura.
8 Ariko arabakiza kubera izina ryiwe,
ngo amenyekanishe ubushobozi bwiwe.
9 Yakankamiye Ikiyaga Gitukura, maze kiruma;
yabacishije i bwina nko mu bugaragwa.
10 Yarabakijije abakura mu kuboko kw’umwansi;
arabacungura abakura mu kuboko k’uwabagwanya.
11 Amazi arengera ababahiga;
nta n’umwe wo muri bo yarokotse.
12 Nuko bizera amasezerano yiwe
baririmba ishimwe ryiwe.
13 Ariko baca bibagira vuba ivyo yari yabakoreye
ntibarindira ko ashira mu ngiro umugambi wiwe.
14 Mu bugaragwa bagiye mu vyo kwipfuza kwabo;
mu bweranyange bagerageje Imana.
15 Nuko ibaha ivyo basavye,
ariko ibarungikira ikiza gihonya.
16 Bari aho bacumbitse bagiriye ishari Mose
hamwe na Aroni, uwari yatoranirijwe Uhoraho.
17 Isi irasama imira Datani;
ihamba umugwi wa Abiramu.
18 Umuriro wadutse mu babakurikira;
urubeya rwarigase abanyakibi.
19 I Horebu bacuze imasa
basenga ikigirwamana cacuzwe mu butare.
20 Baguza Imana yabo y’ubwiza
igishushanyo c’impfizi, irisha ubwatsi.
21 Bibagira Imana yabakijije,
yakoze ibihambaye muri Egiputa,
22 ibitangaza mu gihugu ca Hamu
n’ibikorwa bihambaye ku Kiyaga Gitukura.
23 Nuko avuga ko azobahonya;
iyo Mose, uwo yatoranije,
adahagarara mu gihengeri imbere yiwe
kugira ngo uburake bwiwe ntibubarigate.
24 Mu nyuma banka igihugu ciza;
ntibizera isezerano ryiwe.
25 Baridodomvye bari mu mahema yabo
ntibubaha Uhoraho.
26 Aca arahira amanitse ukuboko kwiwe
ko azobahonereza mu bugaragwa,
27 agatuma uruvyaro rwabo rugwa mu banyamahanga
akabasanzariza mu bihugu.
28 Bifatanije na Bayali y’i Peyori
maze barya ivyaterekerejwe imana zitagiramwo ubuzima;
29 bavyura uburake bw’Uhoraho kubera ibikorwa vyabo bibi,
haca haduka ikiza muri bo.
30 Ariko Finehasi arahaguruka ngo ahane uwacumuye,
ico kiza gica kirahagarara.
31 Ivyo yabiharuweko nk’ukugororoka
uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi ibihe vyose.
32 Bashavuje Uhoraho bari ku mazi y’i Meriba,
ivyago biza kuri Mose kubera bo;
33 kuko batumviye Mpwemu w’Imana,
bituma Mose yadukana amajambo atiyumviriye.
34 Ntibaranduye amahanga
nk’uko Uhoraho yari yababariye,
35 ariko bivanga n’ayo mahanga
bigana ingeso zabo.
36 Basenga imana zabo,
na zo zibabera umutego.
37 Bashikanira izo mana
abahungu n’abakobwa babo.
38 Basesa amaraso y’abatagira icaha,
amaraso y’abahungu n’abakobwa babo,
abo bashikaniye ibigirwamana vy’i Kanani nk’ibimazi,
maze ayo maraso ahumanya igihugu.
39 Bihumanishije ivyo bakoze;
bacika abasambanyi kubera ibikorwa vyabo.
40 Ni co catumye Uhoraho ashavurira abantu biwe,
azinukwa umugabane wiwe.
41 Yabarekuriye mu maboko y’amahanga,
maze abansi babo barabaganza.
42 Abansi babo barabacinyiza
baba musi y’ububasha bwabo.
43 Yabatabaye kenshi,
ariko bashishikara kumugarariza
kandi baguma bamucumurako.
44 Ariko yumvise umubabaro wabo
igihe yumva ugutakamba kwabo;
45 Ku bwabo yibutse isezerano ryiwe
maze kubera urukundo rwiwe rwinshi arigarura.
46 Yatumye ababagize abagurano
babagirira akagongwe.
47 Dukize, Uhoraho Mana yacu,
twegeranye udukure mu mahanga,
kugira ngo dushime izina ryawe ryera
Twongere tuguhimbaze.
48 Uhoraho, Imana ya Isirayeli, ahimbazwe,
uhereye ibihe bidashira ukageza ibihe bidashira.
Abantu bose nibavuge bati: "Amen."
Haleluya.